3 nibo baguye mugitero ca Mai-mai muri iki gitondo.

0
174

MBOKO, FIZI – Muri iki gitondo ca nakazirimwe igisirikare ca FARD kiravuga ko cabashije kwirukana igitero ca Mai-mai Yakutumba, Mai-mai Hassan na FNL.

Amakuru dukesha  FARDC avugako mugitondo c’uyu munsi inyeshamba za Mai-mai Yakutumba, Mai-mai Hassan ndetse na FNL bagabye igitero kubirindiro bya FARDC biri kwa Mbogo ni 45Km uvuye Uvira, maze babiri kuruhande rw’inyeshamba n’umwe kuruhande rwa FARDC aba aribo bahasiga ubuzima.

Amakuru atugeraho uvagako igitero c’uyu munsi cateye  giturutse mukibira ca Majaga ni mu birometero (80Km) uvuye kwa Mbogo. Iki gitero kije gikurikira imirwano yari imaze iminsi ibiri ibera mu Majaga hagati y’izi nyeshamba na FARDC.

Mu mirwano yabaye ejo FARDC ivugako yatakaje abasirikare batatu naho kuruhande rwa Mai-mai hapfa 12, naho 8 aba aribo bakomereka barimwo n’umuyobozi wa «Mai-mai Hassan» Sheikh Hassan ukomoka muri Province ya Maniema.

FARDC itangaza kandi ko yamaze kwigaruri ikibira ca Majaga, aho izi nyeshamba zari zashinze ibirindiro byazo.

Si ubwa mbere Mai-mai Yakutumba itera ibirindiro bya FARDC, kuko mu mezi abairi ashize abashije kwigaruri imihana myinshi yo mukarere ka Fizi nyuma y’uko igisirikare congera kuhisubiza.

Mu kwezi kw’icenda k’umwaka ushize wa 2017 nibwo leta yatangiye guhiga bukware inyashamba za Yakutumba nyuma y’uko zigabye igitero  ibuvira ariko ntazibashe kuhafata.

Amuri Yakutumba wacitse igisirikare ca FARDC mu 2007 nyuma akaza gushinga umutwe wa CNPSC «Coalition Nationale du Peuple pour la Souveraineté du Congo» muri 2013, ni umwe mu mitwe wagiye uhangana kenshi na leta mu ntara ya Sud-Kivu.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here