Abagera ku 2600 nibo bamaze gufatwa ku nguvu mumuji wa Kananga.

0
182

KANANGA, CONGO – Ku minsi 03/11/2018 haravugwa amakuru y’abagera ku 2600 bamaze gufatwa ku ngufu bamaze kwegera abaganga badafite imbibe muri province ya Katanga nkuko tubikesha ikinyamakuru BBC Gahuza.

Nkuko byemezwa n’abaganga badafite imbibe (medicin sans frontieres), bavuga yuko bamaze kuvura abantu bashika ku 2,600 kandi bose bafashwe ku nguvu. Aba bantu bose bafashwe ku ngufu bivugwa yuko bakomoka mumuji umwe kandi ari kuva mukwezi kwa gatanu k’umwaka ushize w’i 2017.

Umukobwa wafashwe ku nguvu na Tathy yanze kugaragaza mu maso kubera isoni…

Muri aka karere ka Kananga bivugwa yuko uku gufata abagore ku ngufu bigenda byiyongera uko bukeye n’uko bwije kandi 80% y’abagore baregwa bakora aya mahano yo gufata ku ngufu ari abantu bitwaje imbunda. Ibi bikorwa bigayitse bikorwa mugihe c’intambara ndetse no mubihe bisanzwe nkuko bivugwa n’abaye iyi ntara.

Umuji wa Kananga uri mu ntara ya Kasai, imwe mu ntara zirangwa mo ubukene cane muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo; iyi kandi ni imwe mu ntara ikunze kurangwamo intambara zishingiye ku moko ahatuye.

Mu bagore bamaze kuvurwa n’irishrahamwe ry’abaganga badafite imbibe biravugwa yuko abarenga 150 ari abana bari musi y’imyaka 15 y’amavuka, abandi bashika 20 nabo bari musi y’imyaka itanu y’amavuka.

Zimwe mu mbogamizi zihari hagati y’aba bafashwe ku ngufu ngo nuko baja kwa muganga hashize iminsi barakorewe aya mahano mu gihe baba bakeneye kuvurwa mbere y’igihe kugira ngo bakingirwe zimwe mu ndwara bashobora kuba banduye.

Si ibi gusa, usibye indwara z’ibyorezo harimo no guhungabana mumutwe k’uwakorewe aya mahano. Uyu wafashwe kungufu agira ikibazo co gukumirwa ndetse no kugira ibitekerezo byinshi bituma na benshi bibaviramo kwiyahura.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here