ABUJA, NIGERIA – Ku minsi 3/1/2018 haravugwa amakuru y’abantu 11 bahitanwe n’igitero c’umwihebyi ku musigiti wa Islam mu gihugu ca Nigeria.
Hari kumanywa, mugihe bariko barasenga, biravugwa ko umwihebyi yanjiye mu musigiti yiyoberanya nk’uje gusenga, nibwo yaturikije iki gisasu cahitanye abantu 11 ndetse hakaba hakomeretse nabandi batari bake nkuko byatangajwe n’ubuyobozi bw’igihugu ca Nigeria.

Abantu benshi bakomeretse inyuma yaho iki gisasu caturikiye mumuji wa Gamboru, ahegeranye n’umupaka w’igihugu ca Kameruni (Cameroon).
Inyeshamba zo mumutwe wa Boko Haram zatangaje ko arizo zagabye iki gitero cahitanye abaturage barimo gusenga muri kano karere.

Ku munsi w’ejo hashize, nakabiri nibwo umwe mu bakuru b’umutwe wa Boko Haram, Abubakar Shekau yasohoye amashusho ya video yamagana amajambo yavuzwe na bamwe mu bategetsi ba Nigeria ko Boko Haram itagifite imbaraga kandi yaneshejwe.
Biravugwa ko ari nayo mpamvu uyu mutwe washatse kwihora ugahitana aba baturage 11 barimo gusenga ku musigiti.