FIZI, SUD-KIVU – Nyuma yaho bivuzwe yuko abarenga 20 bakekwa kuba baraguye mu kinombe c’inoro byaje kwemezwa yuko umubare nyakuri ari abantu bagera 32 aribo bamaze kumenyekana ko bakundukiweho n’ubutaka mu kitombe ca Bizindazinda. Iki kinombe kiri mugace bakunze kwimbwamo amabuye y’agaciro mu muhana wa Misisi, muri territoire y’a Fizi.

Biravugwa yuko iyi mpanuka yabaye mw’ijoro rya n’akane ku minsi 04/10/2018.
Amakuru atandukanye atugezeho aravuga yuko itunganwa ribi ry’uyu musozi bimbamo amabuye y’agaciro ariryo ryatumye iyi mpanuka iba kuko bivugwa yuko iyi mpanuka aba bimba amabuye y’agaciro bimbye uyu musozi nabi mugihe c’imvura.
Kugeza ubu, umuntu umwe niwe byemezwa yuko yahasize ubuzima kandi ariwe wenyine umuze gukurwa muri uyu musozi wakundutse. Umurambo w’uyu muntu wakuwe muri uyu musozi babifashijwemo n’ishirahamwe ry’aba bimba inoro mur’ako gace.
Biravugwa kandi yuko ikunduka ry’uyu musozi ryatewe nuko abimba batashize amakenga mugihe bimbaga uyu musozi nabi mugihe c’imvura.
Nkuko byemezwa na Chirac Pembwe, umukuru w’aba bimba inoro aravuga ko abagera ku 10 aribo bari munsi y’uyu musozi wakundutse kandi bakomeje kugerageza kureba uko babakura mo.
Chirac aremeza ibikorwa by’ubushakashatsi bigikomeje gukorwa kugira ngo imibiri y’aba pfuye ivanwe munsi y’uyu musozi. Chirac aravuga yuko iki gikorwa ari igikorwa kitoroshe.
Tubibutse yuko izi mpanuka y’abimbyi binoro zikomeje kwiyongera mu binombe bacukura mo amabuye y’agaciro muntara ya Kivu y’amaj’epfo. Indi mpanuka iheruka kuba yabereye ahitwa Nabirangashya, muri grupema ya Cagala, grupema ya Kaniola, mukarere ka Ngweshe i Walungu. Iyi mpanuka iherutse kuba mukwezi gushize ku minsi 09/08/2010.
Muri iyi mpanuka hapfuye 4 nabo bakundukiwe n’umusozi. Muri aba bapfuye biremezwa yuko harimo umwana w’imyaka 13, abandi abagera kuri 25 nabo bakaba baraburiwe irengero nkuko tubikesha n’abatuye muri kano gace.
Abakora kano kazi bakaba bibaza ibibazo k’ubufasha bahabwa na SAEMAPE (Service d’Assistance et d’Encadrement des Mines Artisanales et de Petit Echelle), ishirahamwe rihabwa ibice 10 kw’ijana (10%) by’inoro zimbwa muri ibi binombe.