Abantu 37 nibo bahitanwe n’imyuzure i Kinshasa, umurwa mukuru wa Congo…

0
91

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 5/4/2018 haravugwa urupfu rw’abantu 37 bishwe n’umuzure w’amazi, bahitanwa n’imisozi yakundutse. Hari nyuma yaho imvura nyinshi yaguye nagatatu ku minsi 2/1/2018 ikangiriza ibintu bitsari bike mumuji wa i Kinshasa, umurwa mukuru wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Umwe mubayobozi bashinzwe ubuvuzi bw’abagara y’abantu, Dominique Weloli yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko abantu barokotse muri iyo mvura bakomeje gufashwa n’abagira neza.

Amazu menshi yasenwe n’imvura…

Biravugwa ko mu bantu bapfuye abenshi barimo: Abana batanu (5) bo mu bavukana mu muryango umwe batwawe n’imivu yatembaga.

Amazu menshi yasenwe n’imvura…

Si ubwa mbere iyi myuzure ihitanye abaturage mumuji wa Kinshasa. Amazu menshi niyo amaze kwangirizwa n’iyi myuzure. Abaturage ba Congo bakaba basaba leta ya Congo kugira ico ikoze mu kubarinda iri sanganya.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here