Abasirikare 14 ba MONUSCO nibo baguye mugitero c’inyeshamba za ADF…

0
110

KINSHASA, CONGO – Kuva k’umunsi w’ejo nakane ku minsi 7/12/2017 abasirikare ba MONUSCO bakorera muntara ya Beni (Nord-Kivu) baguye mugitero gikekwa kuba cagabwe n’inyeshamba za ADF zikomoka muri Uganda.

Uhereye ku umunsi w’ejo hashize nakane biravugwa ko abasirikare bagera ku 14 ba MONUSCO ndetse n’abandi basirikare 5 ba FARDC aribo bamaze kugwa muri iyi mirwano.

Nkuko byatangajwe n’ubuyobozi bwa MONUSCO, iki igitero cagabwe n’inyeshambaza ADF kuko izi inyeshamba ziri kurwana n’ingabo za FARDC ndetse zikongera zikarasana na MUNOSCO. Abasirikare ba MONUSCO 53 nibo bakomerekeye muri ino mirwano.

Ingabo za MONUSCO k’urugamba…

Umuvugizi wa MONUSCO muri Congo, Maman Sidikou, arashinja inyeshamba za ADF kuko zahohoteye ingabo za ONU zishinzwe kurinda amahoro:

Ndihanganisha imiryango yabuze ababo kumpande zombi, MONUSCO, ndetse no mungabo za FARDC. Ibyukuri iki gitero cabereye muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo kigaragaza abatifuriza amahoro iki igihugu ca Congo, nidhanganisha n’abakomerekeye muri iyi mirwano. Abakoze aya mahano bagiye gufatirwa igihano gukwiye kuko ubumwe mpuzamahanga ONU tugiye guhasha izingabo za ADF.  Maman Sidikou –

MONUSCO ikomeje guhangana n’inyeshamba za ADF…

MONUSCO igiye gukora ibishoboka byose kugira ngo bahashe uyu mwanzi wakoze aya mahano, kandi MONUSCO yatangaje ko abakoze ibi bazashikirizwa ubutungane.

Abasirikare ba MONUSCO n’aba FARDC bishize hamwe kugira ngo bahangane n’inyeshambaza ADF. Kugeza kuri ubu inkomeri zikomeje kujanwa mumavuriro atandukanye kandi umutekano urasa numaze kugaruka muntara ya Beni.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here