KINSHASA, CONGO – Abantu bagera kuri 62 nibo bamaze gupfamuri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo bazira kudashigikira intwaro ya Perezida Joseph Kabila.
Mu inyandiko zasohowe none nakazirimwe, ishirahamwe rirengera ikiremwa muntu, Human Rights Watch (HRW) ryavuze ko abasirikare 200 bahoze muri M23 bakuwe mu igisirikarenyuma yaho M23 irangiriye.

Umuyobozi wa Human Right Watch, Ida Sawyer, imbere y’abanditsi n’abanyamakuru yavuze ko leta ya Congo ikomeje guha bamwe mu bahoze ari abasirikare ba M23 imbunda kugira ngo bahangane n’abadashigikiye Perezida Kabila. Ibi byose byerekana ko Perezida Kabila adashaka kurekura ubutegetsi.
Human Right Watch iravuga kandi ko byaje kugaragara ko abasirikare 21 ba M23 baje gufatwa bafite imbunda kandi bahiga abadashigikiye Perezida Kabila.
Tubibutse ko M23 yarangiye mukwezi kwa 12 umwaka wa 2013 ubwo bahangana ga ni’ingabo za FARDC. Ingabo za M23 zahungiye muri Uganda ndetse no mu Rwanda nyuma yo kuneshwa n’ingabo za FARDC. Ndetse biravugwa yuko hari na bamwe mu ingabo za M23 batuye mu amakambi aho bemerewe kurindirwa umutekano na MONUSCO.
Kuva mu kwezi kwa 10 n’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2016, abantu batari bake muri Congo nibwo batangiye kwamagana ubutegetsi bwa Perezida Kabila.
Tubibutse ko Perezida Kabila yagiye k’ubutegetsi kuva mu mwaka wa 2001 nyuma yaho ise, Laurent Desire Kabila yishwe. Yogeye gutorwa mumwaka wa 2006 no muri 2011.
Itegeko ry’igihugu (constitution) ryemeza ko Perezida Kabila adakwiriye kwiyamamaza k’umwanya wa gatatu (3).