Abaturage ba Gahororo barasaba leta ko ya batabara nyuma y’imirwano y’inyeshamba,audio

0
145

GAHORORO, UVIRA- imirwano yongeye kwumvikana mu karere k’imisozi miremire muri Gurupema ya Kigoma, ibirometero 40 uvuye mw’ivile ya Uvira.

Ni nyuma y’amayinga abiri abaturage ba Kabunambo mu kibaya ca Rusizi bavuze ko babonye abantu benshi bakekwa ko ari Ingabo zivuye mu gihugu c’Uburundi zerekeza mu karere k’imisozi miremire.

Kuva umunsi w’ejo nibgo imirwano yatondetse kumvikana muri GAHORORO. Imurenge News Agency (INA), yabashije kuvugana n’umwe mu baturage bahatuye maze avuga ko intambara yatangiye mw’ijoro ry’Akane kugeza n’ubu ubgo twavuganaga imirwano yari igikomeye.

Yagize ati” nta leta iba hano (Abasirikare ba leta), ubu abaturage twahunze, ico dusaba nuko leta yadutabara”.

Ubgo twavuganaga n’uyu muturage yatubgiye ko imirwano yaririmo kubera muri Muhanga kandi abaturage bahunze. Kugeza ubu ibyangiritse ntibiramenyekana usibye kuba abaturage bavuka ko babonye inkomere.

Amakuru dukura mu gisoda ca FARDC, umuntu utashatse ko izina rye rimenyekana, yunze mubyo umutarage yavuze maze yemeza ko ub’ubushamirane bwahuje inyeshamba z’Abarundi zari zimaze iminsi ku Kiryama ndetse n’Ingabo zavuye Iburundi.

Tubibutse ko nyuma y’amezi make aribgo inyeshamba zateye igihugu c’uburundi zivuye mu gihugu ca DRCongo, ku mupaka wa Gatumba maze zangiza byinshi, nyuma yaho igisoda c’Abarundi cabashije kubasubiza inyuma kuburyo abarwanyi babo bagera kuri 6 batawe muri yombi na FARDC.

Ushobora gutegera ikiganiro c’amajwi umuturage yagiranye na Imurenge News Agency (INA), gusa kubera ikibazo c’ikirere ntitwabashije kwumvikana neza.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here