MINEMBWE, SUD KIVU – Umugenzi wese arasabga gutanga inkunga y’amafaranga 500 y’amacongomani guhera n’iposho ku minsi 03/11/2018 kugeza n’iyinga ku minsi 11/11/2018. Iyi nkunga n’ukugira ngo ibikorwa byo kurangiza inyubako y’ikiraro gihuza umuhana wa Gakenke n’umuhana w’Ilundu kirangire dore ko iyi nzira ariyo nzira inyuramwo abagenzi benshi bamanuka baja gutega imodoka zija kwa Mulima.
Nyuma yo gutanga iri tangazo uyu muyobozi w’iposita nkuru ya Minembwe, Gad Mukiza, aramenyeshako ikiraro nicuzura hazakorwa ibarabara kugira ngo za moto ndetse n’imodoka zizoze zigeza abantu ku Gasenyi bamanutse m’uburyo bgiza butagoranye. Izi modoka na moto zizoza zitegera abagenzi hakurya yo ku Gasenyi mu gihe bazaba bavuye kwa Mulima.
Tubibutse ko ibi chef Mukiza Gadi yabivuze ubwo yagiranaga ikiganiro n’itangazamakuru none n’Agatatu ku minsi 31/11/2018.
Kubga Rutaganda, uhagarariye umuhana (chef de la localité) wa Gakenke arashimira cane abaturage bitanze m’uburyo bgose kubw’iterambere ry’akarere ndetse akanashimira n’ubuyobozi bga leta bukomeje gutera inkunga utwigoro twabaturage m’ugushakisha iterambere ryabo.
Tubamenyesheko uruzi rwa Rwiko rugora bagenzi kujabuka mu gihe c’invura iyo rwuzuye, ibi bigatuma abagenzi benshi badakunze guca muri iyi nzira kuko baba batinya kuhasiga ubuzima.
Iyo gahunda ije yunga mu zindi zimaze iminsi zikorwa n’abikorera batandukanye, bagenda bashiraho ibiraro bihuza imihana m’urwego rwo gukomeza ubuhahirano bg’abatuye akarere k’imisozi miremire.