Amashirahamwe mpuzamahanga yatabaye abana bugarijwe n’inzara muntara ya Kasai…

0
134

GRAND KASAI, CONGO – Amashirahamwe World Food Program (WFP) na Food and Agriculture Organization (FAO) bavuze ko bakiriye amafaranga agera ku amadorari imiliyoni 10 y’amanyamerika ($10 million) yatanzwe n’igihugu c’Ububirigi kugira ngo bafashe abana bugarijwe n’inzara muntara ya Kasai.

Ibyokurya bizatangwa

Ayamashirahamwe yavuze iyimfashanyo yatanzwe ashobora gufasha ndetse no kurengera ubuzima bw’ingo zigera ku 18,000 muri Kasai.

Ishirahamwe WFP ryiteguye gutanga ifu y’ibigori, amavuta yo gutekesha, umunyu n’ibishimbo kubantu bagera ku 31,000. Guhera mukwezi kwambere 2018, ishirahamwe WFP ritanga n’amafaranga make yo kwihembura ku abantu 50,000.

Ishirahamwe FAO ryo ryemeza ko rizafasha ingo 6,700 ariko kandi rizakorana n’ishirahamwe WFP. Ishirahamwe FAO rizatanga ivomero ry’amazi, ibikoresho byo munzu, imbuto zo gutera mumirima zigera 80 kilogram (guhinga) ndetse n’ibikoresho byo mumirima (Isuka, imipanga ndetse n’amashenyi).

Ibi bikorwa byakozwe n’aya mashirahamwe byagaragaje ubwitange bukomeye ndetse abaturage bo muntara ya Kasai babyishimiye cane.

Tubibutse ko abantu bagera ku imiliyoni zitatu (3 million) aribu bugarijwe n’inzara ndetse abana, abasaza ndetse n’abakecuru benshi bamaze kwicwa n’iki ikibazo c’inzara muri iyi intara.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here