BUKAVU, SUD-KIVU – Mu rwandiko bandikiye ubuyobozi bg’icama PPRD c’uwahoze ari umukuru w’igihugu Joseph Kabila, abakomoka mu karere Kabare barasabako Nyamugabo atakwongera guhagararira iki cama kiyoboye iyi ntara kuva 2006 mu matora y’abakuru b’intara azaba
Claude Nyamugabo wayoboye intara ya Sud-Kivu kuva mu kwezi kwa Bgurura (10) 2017, asimbuye kur’uy mwanya Marcelin Cishambo, mubyo aregwa n’ihuriro ry’abakomoka mu karere ka Kabare harimwo gushira umubari urenze w’abakozi mu biro bye hafi ya bose bagizwe n’abo mu muryango we hamwe n’abakomoka mu muhana w’iwabo,
kudakora ama barabara muri Bukavu no mu ntara muri rusange, harimwo n’ayo mugenzi we yasize atangiye gukorwa ndetse n’amafaranga yo kuyakora ahari.
Kunyereza no gukoresha nabi umutungo w’intara abifashijwemwo n’abayobozi yishiriyeho b’ibigo n’inzzego za leta, aha havugamwo mukuru we Damien Nyamugabo wahawe kuyobora ibiro 2 mu ntara, harimwo ibiro bishinzwe imisoro DPMER Direction Provinciale de Mobolisation et Encadrement des Recettes hamwe n’urwego rurwanya “magendu” rwahoze ruyowe na Abas Kayonga Dada ubu ufungiwe iKinshasa hamwe n’abandi 25 bahoze ari abakozi b’uru rwego,
kugurisha ibibanza bya leta, kutishura ibirarane n’imishahara y’abakozi n’abari abakozi b’intara, gukoresha…
Iri huriro risaba kandi ko ubuyobozi bga PPRD, icama cari kimaze imyaka 18 kiyoboye igihugu ari naco Nyamugabo abamwo kwemerara akarere ka Kabare ko ariko kandi gatanga umukandida uzahatanira uyu mwanya wa guverineri.
Claude Nyamugabo yatorewe kuyobora intara ya Sud-Kivu mu 2017 atsinze Professeur Elie BAZIBUHE watangaje k’umunota wa nyuma ko aretse kwitoreza kuyobora intara kubera iterabgoba (menaces) yagiye akorerwa we n’aba depite bari bamushigikiye.
Akimara kugera k’ubuyobozi bg’intara, kimmwe mu byemezo yafashe ni uguhagarika mu kazi no gufunga uwahoze ari umuyobozi w’urwego rurwanya fraude mu mabuye y’agaciro Abas Kayonga Dadas. Ihuriro ry’abakomoka Kabare rije kandi ryiyongera kw’ishirahamwe ry’abaturage “societe civile naryo ritifuza kubona Nyamugabo yongera kuyobora intara.
Kugeze ubu abakandida umunani nibo biyandikishije kuzatorerwa kuyobora intara ya Sud-Kivu, Shenilla Mwanza watowe k’ubu depite mu karere ka Fizi niwe mugore wenyine uhatanira kuyobora iyi ntara.
Ku minsi 18 ukwezi kwa Kajogi (3) nibgo aba depite ku rwego rw’intara bazatora hanamenyeshwe guverineri mushya ndetse n’umwungirije bazaba batowe.