TEXAS, USA – mw’ibaruwa Michel Gahakanyi yandikiye umunyamabanga mukuru w’umuryango w’abibumbye Antonio Guterres ku minsi 27 ukwezi kwa mbyeyi, ihurriro ry’abanyamurenge Banyamulenge Global Network basabye akanama k’amahoro ka ONU kutemera raporo y’impuguke zako kuri Congo Kinshasa.
Banyamulenge Global Network ihangayikishijwe na raporo y’izi mpuguke, raporo ivugako abanyamulenge bafasha inyeshamba za P5 ziri mubijabo.
Nk’abarebga n’umurongo w’umuco w’abanyamulenge muri Congo, BGN isanga ibikubiye muri iyi raporo biyireba bityo ikaba yifuza gutanga umuco ku ngingo ziteje urujijo ndetse zishobora no kubyutsa urwango ku banyamurenge.
Ingingo kandiko babaha ibyokurya, iyi ngigo BGN
Ku ngingo ivugako abaturage bo mubijabo babanye neza n’umutwe wa P5, BGN ivuga ko ari ikinyoma ko ndetselo izi mpuguke zidasobanukiwe imitere y’aka karere,ikibaza nimba 12 gusa bahoze munyeshamba babajijwe bahagije kwemezako ari ukuri,
Aha BGN yibaza nta banyamulenge na bake bo muri karere izi mpuguke zabajije, kuki nta nahamwe muri iyi raporo zigaragaza aho abaturage bagiye bagaragaza ko badashigikiye kubaho kw’izi nyeshamba; ni gute izi mpuguke zirengagije ibikorwa by’abayobozi b’ababanyamulenge bamaganye kubaho kw’izi nyeshamba;…
Ukurikije kuba abaturage nta mbaraga, birinze kuba bashobora kugirana amakimbira n’izi nyeshamba ibi bikaba bitandukanye cane n’ico izi mpuguke size “ kubana neza”.
BGN isaba akana k’umutekakano kwumvako abanyamurenge batuye muri kariya gace izi nyeshemba ziri nta bushobozi bafite bgo kuba bahangana nazo, rero guceceka bakabana kubgo kurengera ubuzima bgabo bidasobanuye ko “bababanye neza” nk’uko biri muri iyi raporo.
Kubga BGN, mu gihe cose hatari umutekano birumvikana kandi bisanzweko inyeshamb zigenzura ubuyobozi zikanatoza ibitoro,
Banyamulenge Global Network yamaganye kandi uburyo iyi raporo ikoresha ishaka kwitirira abarwanyi ubgoko bg’abanyamurenge cangwe ubundi ubgo ari bgo bgose, GN isanga ibi bishobora gushira mukaga umutekano w’abanyamurenge n’ubundi warusanzwe ari ntawo
BGN ivugako bitangaje kuba izi mpuguke zitarifashishije izindi nzego zizewe nk’ingabo za Monusco, amashirahamwe ategamiye kuri leta akorera mukarere asanzwe azi imiterere y’ikibazo c’imitwe yitwaje ibirwanisho muri kano karere,
BGN irasaba izi mpuguke kwumva neza uburemere bw’ikibazo c’imitwe yitwaje ibirwanisho m’uturere twa Fizi na Uvira, kuko kimwe na P5 hari indi mitwe y’abanyamahanga nka FNL, Red-tabara, Forebu, FDRL,…ifite ibirindiro ikanabona n’inkunga ziturutse hanze ndetse no mubihugu bituranye na Congo. Bityo kuba indi mitwe itaravuzwe muri iyi raporo, bigaragaza ko itakozwe m’uburyo bgiza kandiko bigaragaza kubogama.
BGN irasa kandi akanama ka ONU gashinwe umutekano kutemera ino raporo ishobora guteza urwango kubanyamulenge kuberako uburyo irimwo kubogama.
Ku minsi 21 ukwezi kwa gahira(11) 2018, nibgo itsinda ry’impuguke za UN zashikirije komite y’akanama k’umutekano ka UN gashinzwe Congo raporo yaryo, aho iri tsinda rigaragazako hari ihuriro ry’imitwe ya politike 5 irimwo RNC ya Kayumba Nyamwasa irwanya leta ya Kigali hamwe na gumino, iri huriro rikaba riri muBijabo ndetseko rishigikiwe kandi rigaburirwa n’abaturage b’abanyamurenge, Nyamusaraba akaba ariwe muyobozi waryo.