Beni: Abaturage 18 nibo baguye mu bitero bibiri byagabwe n’inyeshamba za ADF.

0
156

BENI, CONGO – N’agatanu ku minsi 07/12/2018 haravugwa makuru y’abaturage 18 baguye mu bitero byagabwe n’inyeshamba za Allied Democratic Forces (ADF), inyeshamba zikomoka mugihugu ca Uganda. Nkuko tubikesha ikinyamakuru Okapi, biravugwa yuko aba bantu baguye mu bitero byagabwe ku munsi w’ejo hashize n’akane ahitwa Mangolikene ndetse na Paida; aha ni muri distriki ya Beni, muntara ya Kivu y’amajya ruguru.

Nkuko byakomeje kuvugwa na Okapi igitero ca mbere cabereye ahitwa Mangolikene. Hari mugitondo c’akane, ni ku birometero 15 (15 kilometers) hegereye umuji wa Beni.

Biravugwa yuko izi nyeshamba zateye bamwe mu baturage batuye aka karere. Muri kino gitero izi nyeshamba zahise zihitana (kwica) abaturage 13.

Nyuma yaho gato abandi baturage bagera kuri batanu (5 people) nabo bahise bahasiga ubuzima. Ndetse hari umubyeyi umwe wakomeretse ndetse akomerekana n’umwana we muri iyi ntambara.

Imibiri y’aba bahitanwe n’izi nyeshamba  ikaba ibarizwa mu bitaro bikuru byo mumuji wa Beni. Imiryango ndetse na leta bakaba bateganya umuhango wo guherekeza gusezeraho bwa nyuma izi nzirakarengane.

Tubibutse yuko imwe mu miryango y’aba bahasize ubuzima ivuga ko badahabwa uburenganzira n’ubuyobozi bw’ibi bitaro kugira ngo babashe kuja kureba no gusezera ababo babasize.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here