Bukavu: Député Jérémie Basimane, yemeje yuko leta igiye gusana amabarabara mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo.

0
75

BUKAVU, SUD-KIVU:- Nagatatu ku minsi 06/05/2020 umwe mu bayobozi b’intara ya Kivu y’amaj’epfo, député Jérémie Basimane yakoranya ikiganiro n’abanditsi n’abanyamakuru bakorera mu muji wa Bukavu, mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo ku kibazo c’icika ry’amwe mu mabarabara yasenywe n’imvura mu mihana itandukanye hagati muntara. Uyu muyobozi yavuze yuko mu minsi itarenze ijana (100 jours) ko ubuyobozi bw’intara ndetse n’ishirahamwe SOCCOC-TRABEMCO, rishinzwe gusana amabarabara bagiye gukorera hamwe kugira ngo batorere iki kibazo umuti.

Nkuko yakomeje abitangariza abanditsi n’abanyamakuru, nyakubahwa Jérémie Basimane yavuze yuko ishirahamwe SOCCOC kera ryamaze gushiraho umukono mu masezerano n’ubuyobozi bwa leta yuko mu minsi ijana bagiye gusana ibarabara rya Buakavu na Kavumu (haresha n’i ibirometeri 20); irindi barabara riresha n’ibirometeri 13 hagati mu muji wa Bukavu ndetse n’irindi riri ahandi mu muji hagati riri ku birometeri 3.

Umuyobozi Jérémie Basimane, imbere y’abanditsi n’abanyamakuru aho aganira m’ururimi rw’igifaransa.

Uyu muyobozi yavuze yuko irindi barabara rihuza umuji wa Bukavu n’akarere ka Kabareryamaze kwemezwa yuko rigiye gusanwa. Iri barabara rikaba rizasanwa ku giciro c’amafaranga agera ku miliyoni cumi n’itatu y’amafaranga y’amanyamerika (3 millions de dollars). Ibi bikaba byamaze gushirwa ho umukono na nyakubahwa umukuru w’intara ya Kivu y’amaj’epfo, Théo Ngwabidje Kasi kandi izi faranga kera zamaze gutangwa na leta kugira ngo irishirahamwe ritangize imirimo y’ubwubatsi.

Uyu muyobozi, Théo Ngwabidje Kasi akaba yavuze yuko iki gikorwa c’ubwubatsi yakirekeye aba bashingamateka (députés) kugira ngo aribo bazakurikirana iki gikorwa c’ubwubatsi.

Uyu muyobozi, Jérémie Basimane akaba yemeza yuko mugihe kitarambiranye ubuyobozi bw’intara bugiye gutanga amafaranga yose bwemereye iri shirahamwe kugira ngo ritangize imirimo yaryo y’ubwubatsi.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here