
BUKAVU, CONGO – Ku minsi 9/11/2017 umushinjacaha mukuru w’urukiko rwa gisirikare muri Kivu y’amajepfo, Colonel Wavara yabeshuje amakuru avugako Abbas yajanwe i Kinshasa.
Uyu umushinjacaha, Wavara yabwiye abanditsi n’abayamakuru ko i dosiye ya Abbas na bagenzi be bagera kuri 31 iri mu rukiko rwa gisirikare rwa Kivu y’amajepfo, anabeshuza amakuru avugako yajanwe i Kinshasa.
Colonel Wavara yavuze ko niba ntagihindutse urubanza ruzakomeza mu ntangiriro y’iyinga riza. Yabwiye abanditsi n’abanyamakuru kandi ko impamvu Abbas nabagenzi be bajanwe i Kavumu muri gereza ya Nyamunyunyi arukubera ko ariyo gereza nini.
Tubibutse ko Abbas na bagenzi be aribo bishikirije ingabo za Monusco niyinga mu gitondo ku minsi 5/11/2017, Monusco nayo ibashikiriza urukiko rwa Gisirikare rukorera mu ntara ya Kivu yamajepfo.