Emmanuel Shaddary, Rukeba jacques na Nyakayange Kega bari kw’isonga i Gakenke

0
124

GAKENKE, MINEMBWE – Amatora mu muhana w’i Gakenke yaraye arangiye nubgo ubgitabire bgari buke cane.

Ku biro by’itora by’i Gakenke hari hateganyijwe gutora abantu bashika 2600, gusa ababashije gutora ntibageze 1500. Byageze amasaha y’umuguroba, igihe kirenze icari categanyijwe, ibiro byitora bigifunguye.

K’umwanya w’umukuru w’igihugu,  Emmanuel Ramazani Shadary aracaza imbere, naho intumwa ya rubanda k’urwego rw’ igihugu, Rukeba Jacques akaba yahize abandi, naho Nyakayange Ange Wa Kega aza kw’isonga k’urwego rw’intara.

Ibyavuye mu matora bigaragaza ko intumwa za rubanda zakurikiranye kur’ubu buryo;

● K’urwego rw’igihugu – Rukeba Rukabya Jacques: 447, Kamenyero Cunga Emmanuel: 128

● K’urwego rw’Intara – Nyakayange Ange Wa Kega: 344, Bukuru Osee:277, Sebikabu Jackson: 272

Twabibutsa ko nyuma y’iki gikorwa co guharura ibyavuye mu matora kuri buri biro y’itora, biteganyijwe ko ku minsi 6/01/2019, ibyavuye mu matora hose bizoba byatangajwe.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here