FIZI, SUD KIVU:- Inkuru dukesha umunyamakuru wa Imurenge.com uri mu Minembwe, ivuga ko n’Akazirimwe ku minsi 04/03/2019, intumwa za Monusco mu gisata ca “Affaires civiles” zageze mu minembwe, izi ntumwa zikihagera hakoraniye inama yahuje abayobozi batandukanye barimo umuyobozi mukuru wa komine ya Minembwe bwana MUKIZA Gadi , n’ukuriye secteur ya Lulenge bwana KABINDULA MULAMBA Samuel, hamwe n’ukuriye polisi murako karere Major Muyoboke.
Iyi nama yigaga ku kibazo c’ingwano zimaze iyinga ryose hagati y’inyeshamba za maï maï n’abungeri b’Abanyamurenge baribaragiriye mur’ako karere ka secteur ya Lulenge muri territware ya Fizi.
Nta cemezo gikomeye cafatiwemo uretse gutegereza intumwa zari zoherejwe mu muhana wa Kinyukwe muri Gurupema ya Basimuniaka kur’iri yinga rishize. Iyi Komisiyo yoherejwe Kinyukwe, yari umusaruro w’ inama yahuje amoko atandukanye mu rwego rwo guhosha izo ndyane, hatorewemo komisiyo y’Abantu bashika kuri 20 maze boherezwa kuja guhosha ubgo bushamirane.
Kugezubu ntamubare uratangwa w’ibimaze kuhononekarira gusa biravurwako iyi mirwano imaze guhitana abantu benshi, imibare ntiramenyekana ku mpande zihanganye. Inka zitabarika bivugwa ko zanyazwe ndetse n’imihana igatwikwa, abaturage barahunga.
NTEZIRYAYO Felix, umwe mu baturage uri hafi naho imirwano yabereye, yatubwiyeko ubu bahagarariye ahitwa kwa Babengwa , ndetse bamaze guhura n’ingabo za FARDC, yongeyeho ko imirwano iheruka umunsi w’ejo aho baribakurikiye inka zarizishorewe na maï maï ariko ntibabasha kuzigarura.
Mw’itangazo ryasohowe n’uhagarariye amashirahamwe adaharanira inyungu za leta (sociétés civiles) mu Minembwe , bwana MUKIZA Nyatotora, yavuze ko imirwano yatangiye n’Akabiri k’iyinga rishize ku minsi 26/02/2019 nyuma yaho inyeshamba za maï maï zishe umwe mu bungeri b’Abanyamurenge, gusa ntiturabasha kumenya ico urundi ruhande rubivugaho.
Mur’iri tangazo, uhagarariye ayo mashirahamwe ahamagarira impande zombi zihanganye guhagarika iyi mirwano kuko bitagenze bityo iyi ntambara iraza gufatira utundi turere twari dutekanye kugez’ubu.
Uyu mugabo akomeza ahamagarira ubuyobozi bg’intara ya SUD KIVU ndetse n’ubga teritware ya Fizi, hamwe n’inzego za gisirikare, kugira ico bakora mu rwego rwo guhosha aya makimbirane.
Ubu bushamirane bukaba bubaye nyuma y’amezi ashika kuri 6, humvikanye kandi ikibazo c’aborozi ba Rurenge, kikaba caratewe n’umusoro bakwa na Mai Mai Kimbuta kugirango bashobore kuragirira mur’aka karere. Iki kikaba ari ikibazo giteye inkeke mu gihe leta ikiri mu rugamba rwo kurandura imitwe yose yitwaje ibirwanisho.
Twabibutsa ko mu kwezi gushize ingabo za FARDC zari mu gikorwa co guhasha inyeshamba z’abanyamahanga nka FNL ya Nzabampema, RED TABARA ndetse na FOREBU, zari zimaze kwigarurira akarere k’imisozi ihanamiye teritware ya Uvira bakunze kwita Rurambo.