AMATORA, CONGO – Saa kumi za mugitondo isaha y’Ibukavu, iminsi 10/01/2019 Corneille Nanga ukuriye akanama k’igihugu gashinzwe amatora yatangaje Felix TSHISEKEDI ko ariwe watsinze byagateganyo amatora y’umukuru w’igihugu ca Congo.
Umukuru w’icama ca UDPS (Union pour la Démocratie et la Paix Sociale), niwe waje imbere muba kandida 21 bitorezaga kuyobora Congo.
Ku bantu 18.329.318 batoye, Felix Tshisekedi Tshilombo yaje k’umwanya wa mbere n’amajwi 7.510.013 (38,57%), Martin Fayulu Madidi k’umwanya wa kabiri n’amajwi 6.366.732 naho Emmanuel Ramazani Shadary umukandida ushigikiwe na Joseph Kabila yagize 4.357.359