FIZI, SUD-KIVU:- Hari ahagana ku gihe c’isaha zitanu z’ijoro (23h), ejo hashize Nagatanu, ku minsi 15/05/2020, ubwo umugabo umwe yatwawe n’abantu bitwaje imbunda, akuwe mu rugo rwe, mu muhana wa Lweba, segiteri ya Tanganyika, akarere ka Fizi (Sud-Kivu).
Ibi bikaba byatangajwe na Mickson Icukwe, umuyobozi bwa Agora des Jeunes Intellectuels de Fizi (AJIF) nyuma yaho uyu muntu yaburiwe irengero.
Nkuko tubikesha, Mickson Icukwe yavuze yuko uyu mugabo washimutswe ari umugabo uzwi ku izina rya Panda Mchapa, umurobyi mu nyanja ya Tanganyika. Biravugwa yuko mbere yuko aba bitwaje imbunda bajana Panda, basize babwiye umugore wa Panda ko bamujanye ahantu hatazwi kandi ko kugira ngo bamurekure bagomba guhabwa amafaranga angana n’amadolari igihumbi ($1.000). Mbere yuko basohoka munzu ya Panda, biravugwa yuko aba bantu bitwaje imbunda basize batanze nimero zibiri za telephone kugira ngo umuryango wa Panda uzavugane nabo kandi ari ko n’amafaranga basaba ariho azoherezwa kugira ngo uyu mugabo ashobore kurekurwa.
Ngo nubwo haciye umunsi wose bwana Panda atwawe n’abantu bataramenyekana, biravugwa yuko ubu inzego za gisirikare ndetse na Police ikorera muri aka karere bamaze kumenyeshwa kandi ko ubu hatangiye gukorwa iperereza kugira ngo abakoze aya mahano bashobore gukurikiranwa, Izi nzego zikaba zivuga yuko mugihe abakoze aya mahano baramutse bafashwe bashikirizwa ubutabera, kugira ngo babazwe ibyo bakoze.
Ishirahamwe Agora des Jeunes Intellectuels de Fizi, AJIF rikaba risaba ko abakoze aya mahano bofatwa kandi bagashikirizwa ubutabera ndetse ngo n’undi wese ufite iyi myumvire ko yohanwa n’inzego zibishinzwe kugira ngo iyi ngeso yo gukura abantu mu mago yabo yokurwa ho burundu mu karere ka Fizi. Biravugwa yuko iyi ngeso yo gukura abantu mu mago yabo imaze iminsi itari mike ivugwa muri aka karere.
Tubamenyeshe yuko Panda aho yatwawe n’aba bantu hataramenyekana ariko ko inzego za leta zishinzwe umutekano w’abaturage zabwiye umuryango we ko zigiye gukurikirana abakoze aya mahano kandi ko bazafatwa, bagashikirizwa ubutabera. Mugihe hakiri gukorwa iperereza, abaturage bo muri uyu muhana nabo batangiye gushakira hirya no hino kugira ngo barebe yuko bashobora kumenya aho bwana Panda aherereye.