Gasake: Icama ca RCD kigarutse mu Minembwe nyuma y’imyaka 16 kihavuye.

0
125

MINEMBWE, SUD-KIVU – Ku minsi 07/12/2018 Imurenge News Agency twegereye, Gasake, uriko wamamaza icama ca RCD mu Minembwe. Iki cama ca RCD gifite aba kandida babiri bari kwiyamamariza imyanya y’ubu député, Bukuru Osée (kumwanya w’itara) na Rukeba Chirac (kurwego rw’igihugu).

Umuhango wo Kuzamura ibendera ku Biro by’ icama ca RCD mu Minembwe

Nyuma yo kwegera Gasake, yavuzeko iki cama kigarutse muraka gace nyuma y’imyaka irenga cumi n’itandatu bahavuye bitewe n’itambara zatewe n’abo batavugaga rumwe ndetse bagiye baburizamo imigambi myiza iki cama cari gifitiye akagagace kitwako ariryo pfundo ry’iki cama.

Gasake akaba yasobanuye zimwe mumpamvu zatumye bagarutse murakagace ka Minembwe mw’izina ry’icama (RCD) ndetse n’abantu bwite bahashora ibikorwa by’amajambere ngo kuko bigaragara. Yakomeje atanga urugero rwa bimwe mubikorwa bamwe mu bayoboke b’iki cama bamaze gukora. Yavuze ko bamwe batangiye kuhuba kamazu ya kijambere, abandi bahafite ibibanza n’ibikorwa binyuranye by’amajambere.

Gasake avuga kandi ko iki cama kigarutse kurangiza imirimo myiza cari caratangiye. Imwe muriyo ngo nukubaka ibarabara kuva Uvira ukagera mu Minembwe. Kubwa Gasake kandi avuga ko ibyuma bikora ibarabara byapfiriye mu Minembwe ndetse byicwa na bamwe batifuzagako umuhanda wahuruka mu Minembwe ukorwa.

Ikindi ngo nuko bazokomeza ubuvugizi bw’akarere ka Minembwe kugira ngo gahabwe ibyemezo (statut Juridique) murwego rw’igihugu. Nkuko mubizi igihe ca RCD Minembwe yari territoire ariko ngo nanone barya batifuzaga iterambere babiburizamo. Yakomeje avuga ko iki cama ca RCD kigiye kuzana ama banki (inzu zizanatanga imisoro n’inguzanyo ku baturage ba Minembwe) murwego rwo gutezimbere aba baturage.

Abajijwe ikibazo co kwiyamamaza, Gasake yagize ati:

Icama ca RCD mu bikorwa bwo kwiyamamaza kibigejeje kure. cagabuye akarere kose ka Minembwe mu ngeri zitandukanye, ibi ni murwego rwo kwamamaza abazitoza aribo bayoboke biki cama; tumaze kugera mu mihana yose ituye aka karere. – Gasake –

Tubibutse ko iki cama ca RCD catangijwe kumugaragaro mu mwaka w’1998, catangije ari icama ca gisirikare (Mouvement Politique Militaire). Iki cama kigize n’abayobozi bava mumoko yose n’intara zose z’igihugu ca Congo. Gitangira mu mwaka w’i 1999 iki cama cari kiyobowe n’uwitwa Prof. Wamba Diya Wamba, nyuma haza kuvukamo amakimbirane n’abaterankuga babo kuva mu Rwanda ndetse na Uganda. Ibi byatumye iki cama gicikamo kabiri (igice kimwe RCD Grand Nord (RCD ML), iki ca mbere cari kiyobowe na MBUSA NYAMWISI; ikindi cama ca kabirri (RCD EST (RCD GOMA) cari kiyobowe na Dr.ILUNGA.

Iki cama ca kabiri, RCD Goma cayoboraga hafi 60% by’igihugu cose. Nyuma caje kiyoborwa na Adolphe Onusumba aza gusimburwa na Me. Azarias Ruberwa Manywa ari nawe waje kuja mu biganiro by’amahoro i Sun City, muri Afrika y’epfo (Johannesburg). Kuva ubwo RCD yahise ija muri leta y’inzubacuho; Azarias Ruberwa yahise aba icegera ca mbera c’umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Tubibutseko kumunsi w’ejo n’agatanu ku minsi 07/12/2018 bari biteze ko ministre Rukeba Chirac yitura mu Minembwe murwego rw’akazi aho bivugwa ko yari kuzana na mugenzi we Moise Nyarugabo.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here