Grenade yahitanye bane hakomereka 20 mu giteramo c’umuziki i Bangui…

0
184

BANGUI, AFRIKA – Ku minsi 12/11/2017 haravugwa amakuru y’igisasu caturikiye mumuji wa Bangui mugihugu ca Afrika (Afrique Centrale). Abashinzwe umutekano muri Bangui bavuze ko abantu bane aribo bapfuye ubwo abantu biturikije igisasu mugitaramo c’umuziki (Concert Musical) cahabereye abandi bagera kuri 20 nabo barakomereka.

Umuririmbyi Ozaguin, wateguye iki giterane…

Ako karere katurikiye mo iki gisasu kazwi ho kubamo abagizi ba nabi kuva mbere hose kuko hagiye harangwa mo ibitero byinshi bitandukanye mu myaka ishize.

Iki gitaramo cari categuwe n’umuririmbyi ukomeye wo muri Bangui, witwa Ozaguin, ukunzwe n’abantu benshi muri ico gihugu.

Muri iyi minsi iki gihugu ca Republika ya Centre Afrique haravugwa mo umutekano muke cane, kandi kenshi ubwicanyi bukunze kuvugwa ahanini n’imihari yitwaje imbunda hagati y’Abakristu n’Abaislamu.

Umuririmbyi, Ozaguin, yavuze ko mu bacuraranzi batandatu aribo bakomerekeye muri ico gitero.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here