Hagiye gukorwa iperereza k’ubwicanyi bwakorewe mu Burundi…

0
93
Ifoto – Google

BUJUMBURA, BURUNDI – Ku minsi 10/11/2017 amakuru atugeze ho aravuga yuko urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC) rugiye gukora iperereza ku byaha byakozwe mugihugu c’u Burundi mumwaka wa 2015. Muri uyu mwaka, u Burundi bwaranzwe mo intambara ninshi cane ubwo amatora y’umukuru w’igihugu yari yimirije.

Tubibutse yuko iri itangazo ryasohotse nyuma y’amayinga abiri iki gihugu gisohoye itangazo kuko kitakiribarizwa muri uru urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC). Nubwo u Burundi butavuze impamvu nyamukuru yatumye bava muri ICC.

Perezida Nkurunziza uri ku butegetsi…

 

Nyuma yuko u Burundi ruvuye muri urukiko mpuzamahanga mpanabyaha, amwe mu mashirahamwe aharanira ikiremwa muntu aremeza yuko abantu benshi bishwe bazira akarengane, mu gihe abatavuga rumwe n’ishirahamwe mpuzamahanga ONU bo bavuga ko hakozwe ubwicanyi hagati y’abanyagihugu, leta irengana.

Tubibutse kandi ko hari mu kwezi kw’icenda igihe uru urukiko mpuzamahanga mpanabyaha rwasohoye itangazo risobanura iby’ubu bwicanyi bwakozwe, gufata abagore kungufu no kwiba. Ibi byose bikaba bivugwa yuko ari ingabo za leta y’u Burundi zakoze aya mahano ku abanyagihugu kuko ngo bahoze bamagana ubutegetsi bwa Perezida Petero Nkurunziza, ukiri k’ubutegetsi.

Kuri none, ishirahamwe mpuzamahanga ONU yasabyeurukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC) gukora amatohoza kuri ubu bwicanye bwakozwe. Hari n’irindi tangazo rivuga yuko abantu benshi bagifunzwe bidaciye mumategeko. ONU kandi irasaba leta y’uburundi ko abo bantu bofungurwa cangwe ufashwe n’icaha akabihanirwa.

Abantu barenga 400,000 nibo bashoboye guhungira muri Tanzania, Congo, Rwanda ndetse no muri Uganda kubera guhunga intambara.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here