Ibeyi rya Passeport tuzarimanura: Felix Tshisekedi

0
96

BRAZAVILLE, CONGO – Mu ruzinduko rwa mbere agirira mu bihugu byo mukarere, umukuru w’igihugu ca Congo Felix Thsisekedi yabgiye abakomani batuye Brazaville ko azogabanya ibeyi rya passport nk’uko ikinyamakuru Desck Eco cabyanditse.

Mubusanzwe passport ya Congo n’imwe muzifite ibeyi kw’isi, kuko iza ku mwanya wa kabiri muri Afrika nyuma ya Tchad, Uburundi  bgo buza ku mwanya wa gatatu muri Afurika kugira passport ifite ibeyi ryinshi.

Nubgo ibeyi ry’iyi passport riri hejuru ubushakashatsi bgakozwe n’ikigo c’itangazamakuru  c’abongereza Reuters bugaragaza ko ku madorari 185$ iyi passport igura leta ya Congo ibonamwo 65$ biyigoye, asigaye akagaburwa  n’ibigo  Semlex na LRPS, LRPS ya Makie Makolo Wangoi ikorerera muri Émirats arabes unis ihabga 60$ kuri buri passport yose itanzwe Makie Makolo Wangoi nyiri LRPS bigwako yoba afitanye isano n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Joseph Kabila nk’uko ikanyamakuru kibitangaza.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here