NEW YORK, USA – Nyuma yaho ku munsi wejo perezida Donald Trump wa leta zunze ubumwe za Amerika akoresheje imvugo yandagaza ikanatuka ibihugu byiganjemo ibya Afrika, ibihugu bigera kuri 54 bya Afrika birasaba Trump gusaba imbabazi mu maguru masha.
Abahagarariye ibihugu bya Afrika bigera kuri 54 mu muryango wawibumbye, mw’itangazo bashize ahagaragara kuri aka Gatanu ku minsi 12/1/2018, barasaba perezida Trump gusaba Afrika imbabazi ku majambo arimo ibitutsi yatangaje aho yavuzeko ibihugu bya Afrika ari ibihugu by’ibigoryi.

Mu nama yabo yateranye igitaraganya i New York ku mugoroba wejo, bavuzeko bababajwe cane namajambo ya Trump yuzuye ibitutsi yatutse abatuye umugabane wa Afrika.Basanga amajambo ya Trump agaragaza ivangura rikomeye.
Igihugu ca Senegal kikimara kumva amajambo yuzuye agasuzuguro ya perezida Trump, cahise gitumiza uhagarariye Amerika muri Senegal kugirango ahatwe ibibazo ku majambo ya perezida Trump, bibaye ubwa 3 mu mateka ya Senegal gutumiza bitunguranye ambasaderi wa Amerika i dakar kandi bigakorwa mu gihe uyoboye Amerika hari amajambo mabi yavuze ku mugabane wa Afrika muri rusange.