MOGADISHU, SOMALIA – Ku minsi 08/01/2018 muri Repubulika ya Somalia, bashize ho itegeko risha rihana icaha co gufata abagore/abagabo ku nguvu. Iri tegeko ryashizwe ho mugihe haciye iminsi itari mike iki gihugu kivugwa mo itotezwa ku kiremwa muntu.
Igihano cashiriwe ho kuhana iki caha gishobora guhana umuntu ndetse agafungwa imyaka itari mike nkuko byemejwe n’ubutegetsi bwa Somalia.
Imwe mu miryango iharanira uburenganzira bw’abagore, yishimiye iki cemezo cafashwe na leta kivuga ko uwakoze iki caha co gufata abagore ku ngufu agomba kunyura mu manza, ndetse hazifashishwa n’imiryango.
Tubibutse ko bamwe mu bantu bakurikirana ibibera muri Somaliya baravuga ko bitewe n’imbaraga umuco wa Somalia ufite bishobora kuzagorana kugira ngo hakurikizwe iri tegeko ryashizwe ho na leta y’igihugu.