Ihagarikwa rya Internet ryahagaritse imirimo myinshi mumuji wa Lubumbashi…

0
34

LUBUMBASHI, CONGO – Kuva aho leta ya Congo ihagarikiye umurongo wa internet muturere tumwe tw’igihugu, amakompanyi menshi arimo n’acuruza akoresheje umurongo wa internet akomeje kubura isoko. Mu muji wa Lubumbashi, amakompanyi menshi afite ikibazo c’ihagarikwa rya internet.

Kuva niyinga mw’ijoro, amasaha atandatu y’ijoro ku minsi 21/01/2018 nibwo leta yahagaritse umurongo wa internet ku baturage kugira ngo badakangurira abandi baturage mu gukora imyigaragambyo mu gihugu.
 
Amakompanyi acuruza ama tickets k’umurongo wa internet (Online travel agencies, internet marketing), ari muri amwe mu makompanyi akomeje guhura n’iki kibazo co kubura isoko ndetse no gutakaza abaguzi babo mu bikorwa byabo bari basanzwe bakorera k’umurongo wa internet.
 
Kugeza kuri uyu mwanya, leta ntaco irigera ivuga kw’ihagarikwa ry’uyu murongo wa internet, ariko kandi usanga ari ukwima abaturage uburenganzira bwabo. Ese Democratie bavuga ni iyihe mugihe twe nk’anayagihugu tudafite ijambo. Ibi bintu leta igende ireke kutugandamiza, twabatoye tuzi ko bazatuyobora none dore nawe uko badufata. – Umunyagihugu – 
 
Umwe mu bacuruzi bacururiza k’umurongo wa internet yatubwiye ko kugeza kuri uyu mwanya, nta byashara bye agurisha ndetse ko ari naho yakuraga isabune y’abana ndetse n’amafaranga yo kwishurira abana amasomo, ariko ngo kuri none nta mirimo ari gukora kuko leta yahagaritse isoko rye.
 
Imurenge.com, turaza gukomeza tubageza ho gahunda za leta mu ihagarikwa ry’umurongo wa internet.
 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here