
KINSHASA, CONGO – Ku minsi 7/11/2017 biravugwa yuko umugambwe urwanya ubutegetsi bwa Congo wahakanye wivuye inyuma itangazo rya CENI yatanze ry’umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu.
Niyinga ku minsi 5/11/2017 nibwo akanama gashinzwe amatora y’umukuru w’igihugu, CENI katangaje ko umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu ari ku minsi 23/12/2018 ndetse uwatsinze akarahira ku minsi 13/01/2019.
Ibyukuri ibyatangajwe na CENI ntibijanye n’amategeko kuko ku minsi 31/12/2016 nibwo amatora yari kuba nkuko byemezwa n’itegeko nshinga ryanditswe mugitabo c’amategeko. – Felix Tshisekedi –

Felix Tshisekedi, uyoboye umuhari UDPS (Union for Democracy and Social Progress) yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko ibyatangajwe na CENI ari ibintu bitumvikana.
CENI na leta nibo bashinjwa icaha co kuguma kwigiza yo umunsi w’amatora. CENI mw’itangazo ryabo bavuga yuko impamvu nyamukuru aruko abantu benshi bari bakihaye biyandikisha kuzatora, ariko abayobozi ba UDPS bo bavuga ko ibi byose bikorwa na perezida Kabila kugira ngo akomeze ayobore.