Ikibazo c’amatora muri Congo gikomeje kuba inzozi. Ese wowe urabivuga ho iki?

0
197
Perezida Joseph Kabila.

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 7/11/2017 biravugwa yuko umugambwe urwanya ubutegetsi bwa Congo wahakanye wivuye inyuma itangazo rya CENI yatanze ry’umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu.

Niyinga ku minsi 5/11/2017 nibwo akanama gashinzwe amatora y’umukuru w’igihugu, CENI katangaje ko umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu ari ku minsi 23/12/2018 ndetse uwatsinze akarahira ku minsi 13/01/2019.

Ibyukuri ibyatangajwe na CENI ntibijanye n’amategeko kuko ku minsi 31/12/2016 nibwo amatora yari kuba nkuko byemezwa n’itegeko nshinga ryanditswe mugitabo c’amategeko. – Felix Tshisekedi –

Ibyavuzwe na Felix Tshisekedi, byemejwe n’indi mihari nka MLC na UNC itavuga rumwe na leta ya Congo.
Félix Tshisekedi, umuyobozi wa UDPS.

Felix Tshisekedi, uyoboye umuhari UDPS (Union for Democracy and Social Progress) yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko ibyatangajwe na CENI ari ibintu bitumvikana.

Tubibutse ko abantu batari bake aribo bamaze kwicwa bamagana ubuyobozi bwa perezida Kabila. Byari byemeje yuko perezida Kabila azava k’ubutegetsi ukwezi gutaha ariko kuri none perezida Kabila we ntaco abivuga ho kuko yongeye guhindura itegeko rivuga ko amatora azaba mu mwaka wa 2019.

 

CENI na leta nibo bashinjwa icaha co kuguma kwigiza yo umunsi w’amatora. CENI mw’itangazo ryabo bavuga yuko impamvu nyamukuru aruko abantu benshi bari bakihaye biyandikisha kuzatora, ariko abayobozi ba UDPS bo bavuga ko ibi byose bikorwa na perezida Kabila kugira ngo akomeze ayobore.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here