
HARARE, ZIMBABWE – Ku minsi 9/11/2017 Ikibuga c’indege cahora citwa kw’izina rya Harare International Airport cahinduwe izina ubu kikaba kigiye kwitwa Robert Gabriel Mugabe, izina ry’umukuru w’iki gihugu ca Zimbabwe.
Perezida Mugabe n’umugore we, Grace Mugabe bashoboye kwerekwa icapa canditse ho iri zina. Ibi bikaba byashizwe mu bikorwa bimaze iminsi bitunganywa na leta ya Zimbabwe mu gutera iteka perezida mugabe kuko amaze igihe kirekire ayoboye iki gihugu.

Intsinzi y’abantu benshi muri Zimbabwe ntiyakiriye neza ihindurwa ry’iri izina ry’ico kibuga. Cane cane imihari irwanya ubutegetsi niyo yavuze ko bisa nkaho ari u gutukisha igihugu.
Tubibutse ko iki kibuga ari kimwe mubibuga by’indege bikomeye mukarere ka Afrika y’amaj’epfo.
Abantu benshi bakomeje kwitotombere ubuyobozi bwa perezida Mugabe bavuga yuko akomeje gukoresha igitugu.
Perezida Mugabe n’umuryango we bashimiye byimaze yo leta kubw’iki gikorwa.