MADEGU, MINEMBWE – Nyuma yo gutsinda Gakenke United 2-0, Ilundu Fc yabonye ticket yo kuzakina umukino wa nyuma w’igikombe citiriwe Tora Rukeba Chirack na Bukuru Osée
M’umukino wa 1/2 wayihuje na Gakenke United none nakane ku minsi 06/12/2018, igice ca mbere amakipe yombi yagiye kuruhuka ari ntabarareba mw’igoro,
Mugice cakabiri amakipe yombi yagarutse mukiwanja akabumbu kama gahindura isura aho ikipe y’Ilundu FC yagarukanye imbaraga ninshi byabonekagako yahinduye imikenyuro itera mw’igoro amashoti akomeye. Kw’idakika ya mirongitandatu umukinyi Muhorana wari wambaye kane yateye umutwe ishoti ryari rivuye mûri korineri, maze kw’idakika ya mirongitandatu ikipe y’a Ilundu FC iba ibonye ikirazo cambere. Kw’idakika ya mirongo urunani umukinyi wakinaga kw’icumi John Mbape yatsinze ikirazi ca kabiri, ari naco cashimangiye icizere co kuja k’umukino wa nyuma kubasore b’Itombwe.
Ikipe ya Ilundu FC izahura na Zamalek FC k’ umukino wa nyuma, umukino utegerezanwe amatsiko. Zamalek Fc yo mumarango yaza Kivumu vumu niyo yatwaye igikombe giheruka citiriwe Müller Ruhimbika.