BENI, CONGO – Nakazirimwe ku minsi 05/11/2018 amakuru dukesha ikinyamakuru BBC Gahuza avuga yuko imfungwa zirenga mirongo itatu (30 prisoners) aribo batorotse gereza yo muri Beni, Republika Iharanira Demokrasi ya Congo. Izi nfungwa zatorotse nyuma yaho inyeshamba za Mai Mai zateye iyi gereza ari nabwo izi mfungwa zaboneye mo gutoroka iyi gereza.
Nkuko Majoro Kazadi Nzengu, umuvugizi wa gisirikare muntara ya Kivu y’amaja ruguru abyivugira. Yagize ati: “Icicaro c’ubucamanza bwa gisirikare i Beni catewe n’inyeshamba za Mai-Mai zikorera muri ako gace.” Nyuma y’iki gitero imfungwa ninshi zajanye n’izi nyeshamba ndetse n’izindi riboneramo inzira yo gutoroka iyi gereza.
Nyuma y’iki gitero BBC ivuga yuko Mak Hazukay, umuvugizi wa gisirikare muri ako karere nawe ahamye iyi nkuru aho anavuga yuko ari inyeshamba za mai mai zaje zishaka kubohoza bamwe mu ngabo zabo bari bafungiwe muri iri bohero.
Muri izi mfungwa BBC ivuga yuko harimo bamwe mu bayobozi babiri b’inyeshamba za mai mai zari zifungiwe muri iyi gereza. BBC yagize iti:
Abo bategetsi babiri nta co bavuze ku gitigiri nyaco c’abanyororo bari bapfungiwe muri iryo bohero, n’igitigiri c’abo rishobora kwakira. – BBC GAHUZA –
Umuji wa Beni ni umwe mu miji ikunzwe kurangwa mo ibitero bitandukanye by’abantu bitwaje imbunda. Bimwe mu bitero bikunze kurangwa n’inyeshamba za ADF, izi ni inyeshamba zikomoka mugihugu ca Uganda zibarizwa muri kano gace. ADF imaze kwangiriza byinshi ndetse n’abantu benshi bamaze kuhasiga ubuzima kandi umubare mwinshi waguye mu bitero by’izi nyeshamba za ADF ni abanya gihugu bataba bafite aho bahuriye na politika; gusa bivugwa yuko ari ukwangiriza kw’izi nyeshamba.
Ibindi bitero bikomeza kwigaragaza muri Beni ni ibitero bishingiye kw’ivangura ry’amoko rivugwa muri kano karere.