Imifuka yuzuye amakaratasi yamajwi ya Félix Tshisekedi yatowe mu ruzi ,leta ya Kabila yashizwe mu majwi…

0
127

BUKAVU,SUD-KIVU: Ihuriro ryamashaka atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Congo rizwi kwizina rya CASH muri kivu yamajepfo ,riratabariza amahanga nyuma yaho bafashe mu gitondo cejo nakabiri hafahswe imipfuko yuzuye amajwi ya Félix Tshisekedi yajugunywe mu ruzi .

Nk’uko byatangajwe n’abamwe mu bayoboke ba Cash bavugako amajwi menshi yo kuma biro y’itora nka collège Alfajiri , Ecole primaire de Nyamugo,basanze yarajugunywe mu ruzi rurihagati ya Cidodobo na  Cidaho, aha ni kwibarabara rija i Walungu .

igikagato c’amajwi ya Félix Tshisekedi yatoraguwe mu mazi, cerekanwa imbere yabanyamakuru .

Nk’uko Alfred Maisha umuvugizi wa UNC muri kivu yamajepfo yabwiye   laprunelle dukesha iyi nkuru, ngo bakimara kubona ibi bikora bibi banyarukiye kuma biro yamatora izi karatasi zavuye babaza ibyazo , ariko bakaba babiteye utwatsi bavugako batazizi, ibi ngo bikaba bibabaje cane aho CENI iri gufata amajwi nyayo yabakandida batavuga rumwe na leta bakayasimbuza amajwi nyimpimbano kugirango bahe amahirwe ubutegetsi .

Hagataho Gaudens Maheshe, umunyamabanga nshingwa bikorwa wa CENI muri kivu yamajepfo , yavuzeko aba abayoboke ba Cash batagombaga kuja kwerekana izi karatasi mw’itangazamakuru mu gihe bataraza gutanga ikirego cabo mu biro nshingwa bikorwa bya CENI mu ntara.

Urunani rwamashaka yimbumbiye mu ciswe Cash ,avugako yiteguye guhangana nibikorwa by’amagendu bishobora gukorwa na CENI mu gihe abanyecongo barinzeko hatangazwa ibyavuye mu matora.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here