Imirwano yabereye Kanihura ntivugwaho rumwe

0
133
Inyeshamba m’uburasirazuba bga RDCongo

Kanihira, Fizi-Kuva ejo mu gatondo, nibgo hatangiye kuvugwa imirwano yahuje imitwe ibiri ya Mai Mai, uyoboww na  Ebwila MUTETEZI hamwe na Nyerere, amakuru yemejwe n’umukuru w’iposta nkuru y’a Kamombo bwana, Katete Kungakabe.

Uyu minsi aganira n’ubganditsi bg’amakuru bga RTM, général KIBUKILA MUTETEZI, yahakanye ayo makuru avugako ariwe wari mu gikorwa co guhagarika bamwe mu ngabo ziwe bakomeje kwishora mu bikorwa byo kwambura abantu mu mayira.

Kibukira aremezako yahagaritse abarwanyi batanu, kandi agikomeje icogikorwa cogufata abambura abaturage bitwikiriye izina rye. Yahamagariye abaturage kuvuga uwariwe wese ukekwa kwiba abaturage mu mayira.

Tubibutseko KIBUKILA MUTETEZI ar’umukuru waba Mai Mai mu Gipupu, akarere ka Itombwe. Amaze kubonana n’abayobozi gakondo kubijanye no gushakisha amahoro, aremeza ko iwe aharanira imiyoborere myiza ndetse n’imibereho myiza y’ abaturage.

Mu minsi yashize nibgo Mutetezi yongeye kwumvikana mu duce two mu Karingi agenda yiyama abantu biyambika izina rya Mai Mai bakaja gutega abantu muri Nyarubira ndetse na point zéro.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here