MINEMBWE, SUD-KIVU – Ku minsi 23/03/2018 nibwo indege yagarutse mu Minembwe izanye abagenzi ibavana i Goma mu mugwa mukuru wa kivu yamajaruguru, ni nyuma yo kubuzwa n’imvura ubwo yashakaga kwitura ku kibuga ca Kiziba mu Minembwe.
Iyi ndege yaguye ku kibuga c’indege ca Kiziba ,yazanye abagenzi 11 bose bahagurukiye i Goma. Matayabo Emmanuel na Rahaba ni bamwe mu bantu baje muriyi ndege.Nyuma yo kururuka indege, aba bagenzi bombi bakaba babwiye umunyamakuru wa Imurenge.com ko bishimiye iyi kompanyi y’indege, doreko abantu baribagize iminsi bitotombera ibarabara riva mu Minembwe rija Uvira kubera ubugizi bwa nabi bakorerwa.
Aba bagenzi bemezako ibyo Imana yavuze ku karere bijanye n’iterambere byaba bitangiye gukozwaho intoki.
Ndakize Félix, umuyobozi wa iyi kompanyi y’indege, mu majambo makerya yabwiye Imurenge.com ko iki arikimenyetso c’iterambere ry’akarere.
Mbere yogusubirayo, pilote wiyi ndege kuri micro ya mugenzi wacu ukorera mu Minembwe, yavuzeko yagaye isuku yikibuga c’indege ca Kiziba, bamwe mu bakozi bi posita nkuru ya Minembwe bavuzeko bagiye gushakira umuti ico kibazo.
Tubibutseko iyi ndege yasubiranyeyo abagenzi 15 ibavana mu Minembwe baja Goma barimwo nabagore bahetse abana.