DAMASCUS, SYRIA – Ku minsi 20/01/2018 indege za gisirikare za Turkiya zarashe ibisasu ku muri bimwe mu bibanza by’abarwanyi b’aba Kurdes babarizwa muri YPG muri Syria, Afrin.
Ako karere kari gasanzwe kagenzurwa n’abatavuga rumwe na leta ya Syria (Syrian Democratic Forces – SDF), bashigikiwe na Leta zunze Ubumwe za Amerika.

SDF ni umuhari urwanya Islamic State IS isanzwe muri urwo ikorana na YPG. Igisirikare ca Turkiya gisanzwe cibaza ko YPG yoba ikorana n’abarwanyi b’aba Kurdes bo muri Turkiya.
Kudahuza kw’abarwanyi b’aba Kurdes niko kwazanye kutumvikana hagati y’ibihugu byombi (Syria na Turkiya).
Umugizi w’abarwanyi b’aba Kurdes yavuze ko umuji wa Afrin n’iyindi mihana myinshi byatewe mo ibisasu byarekuwe n’indege za Turkiya.
Ikigo c’itangazamakuru ca Turkiya catangaje ko abarwanyi bo muri Syria bashigikiwe na Turkiya bari babarizwa muri aka karere karashwe ndetse ari nayo mpamvu nyamukuru yatumye barasa ako karere.