SUD-KIVU, CONGO – Ku minsi 28/11/2017 Ingabo za leta zazindutse zigarurira umuhana w’i Kirembwe aho wari umaza iyinga ufashwe n’inyeshamba za mai mai iyobowe na Yakutumba na Malaïka ukomoka i Kabambare.
Nkuko byatangajwe n’ingabo za leta (FARDC), izi nagbo zabanjije gufata ibarabara rihana i Lulimba n’umuhana w’i Kilembwe. Iri barabara biravugwa yuko ryafashe niyinga ku minsi 26/11/2017.

Mw’ijoro rya nakazirimwe ku minsi 27/11/2017, umukuru w’ingabo za batayo (bataillon) Sokola II yo muri Sud-Kivu, General Bwange Safari Gustave niwe wayoboye izi ngabo za FARDC zari k’urugambawho i Kilembwe.

Nkuko byatangajwe n’izi ngabo za leta, nta rugamba rukomeye rwahaba kuko izi nyeshamba za mai mai zahise zihunga ziva Lulimba na Kilembwe zerekeza mu ibibira.
Izi nyeshamba zimaze kubona ko zaneshejwe, zahise zisiga zitwitse imihana ya Mabunga naTulungu, biravugwa kandi ko zasize zitaye imbunda zo mubwoko bwa AK-47.