LUBARIKA, SUD-KIVU:- Nagatanu, ku minsi 08/05/2020 haravugwa amakuru y’inka mirongo ibiri (20) zanyazwe n’abantu bitwaje imbunda. Bikaba bivugwa yuko izi nka zanyagiwe mu mihana. itandukanye yo mukarere ka Uvira.
Nkuko tubikesha umwe mu baturage batuye muri aka gace ka Katogota, Mika Nshingire, akaba avuga yuko izi nka zibwe mu masaha y’ijoro rya Nakane, buca ari uyu munsi Nagatanu. Mika avuga yuko izi nka zibwe n’umutwe w’inyeshamba witwa Buhirwa kuko ngo arizo zibarizwa muri aka karere kandi zisanzwe zikora ibi bikororwa bigayitse byo kunyaga no gutoteza abaturage bo muri aka karere.
Nkuko umwungeri w’izi nka, Ruvugo Mathias yabwiye urubuga http://www.imurenge.com, yavuze yuko izi nka zibwe ahagana mu masaha atanu y’ijoro (11PM). Ruvugo akaba avuga yuko muri ayo masaha y’ijoro haje inyeshamba zitwa “Mai Mai Buhirwa”, izi nyeshamba zabashije gutwara inka zirenga mirongo ibiri (20) zo mu bibuga bitatu bitandukanye. Yagize ati:
Izi nyeshamba zatwaye inka mu bibuga bitatu bitandukanye byo muri aka kace. Zajanye inka kuva mu Lubarika, ku Itara no mu Luvungi; aha ni ibirometeri 8 n’ibarabara bakunze kwita “Route Nationale numéro 5”. – Rubugo Mathias –
Nyuma yaho ingabo za leta zibwiwe yuko hari inka zibwe n’inyeshamba za mai mai, ingabo za FARDC zoherejwe mu duce dutandukanye kugira ngo zirebe yuko zishobora kugarura izi nka mu maguru masha; gusa kubw’amahirwe make izi nka zaburiwe irengero, bityo izi ngabo zihita zisubira mu birindiro byazo.
Nkuko tubikesha, Eric Muvomo, umuyobozi mukuru w’umuhana wa Katogota, yavuze yuko abaturage batuye muri aka karere bahangayikishijwe n’ikibazo c’umutekano wabo kuba muke. Eric avuga yuko ikibazo co kunyagwa no kwibwa amatungo yabo gikomeje kwiyongera uko bukeye nuko bwije.
Uyu muyobozi akaba avuga yuko atari ubwa mbere kandi atari ubwa kabiri abaturage ayoboye bibwa amatungo yabo n’izi nyeshamba za Mai Mai. Eric avuga yuko abungeri ndetse n’abaturage basanzwe bagenda bahura n’ibi bibazo uko bukeye nuko bwije kandi ko iki kibazo kitaratorerwa umuti n’ingabo za leta.
Uyu muyobozi, Eric ndetse n’abaturage ayoboye, bakaba basaba inzego za leta zishinzwe umutekano kugira ico zikoze kugira ngo abatuye muri aka karere bahabwe umutekano uhagije. Hashize amezi abiri arashize, aho aba baturage bavuga yuko izindi nka zirenga 100 zanyazwe n’inyeshamba za Mai Mai ya Buhirwa ndetse n’iza Kijangala.
Tubibutse yuko aba baturage batuye mukarere ka Lemera ndetse n’indi mihana ihegereye bakomeza gusaba inzego za leta kugira ico zikoze kugira ico zikoze mu kurwanya no guhasha izi nyeshamba.