Inkambi ya Mikenke yazindutse iterwa n’abarwanyi bakekwa kuba Mai Mai

0
167

MWENGA, SUD KIVU:- Mu gitondo ca kare  c’uyu munsi w’Akane, ku minsi 28-05-2020, inkambi y’impunzi ya Mikenke iherereye mu secteur ya Itombwe, territoire ya Mwenga, Abarwanyi bakekwa kuba aba Mai Mai bazindutse bayigabaho igitero, abantu barenga batandatu bakaba bakomerekeye mur’ico gitero harimo abakomeretse cane.

Ikinyamakuru cacu kivugana n’umukuru w’iyi nkambi, Josue’ Basanda, yemeza aya makuru maze anongeraho ko MONUSCO ndetse na FARDC byaje kubatabara. Undi muturage waganiriye na www. imurenge.com avuga ko batumva ukuntu aba barwanyi binjiye mu nkambi kandi barinzwe n’ingabo zitandukanye zirimo n’izigihugu. Yongeyeho kandi ko hari n’inka zitaramenyekana umubari zanyazwe gusa igisoda kikaba cazikurikiye.

Ukuriye ibiro bya Monusco muri Uvira, Bwana Ganda Abdourahamane, yadutangarije ko kuruhande rw’abo barwanyi umwe ariwe wahasize ubuzima ubwo izo nyeshamba zahanganaga na Monusco, gusa yongeraho ko nabo umusoda wabo yahakomerekeye. Tumubajije nimba bamenye abo bagabye ico gitero, yatubwiye ko icihutirwa kur’ibo ari ukubanza kugarura ituze mu nkambi kandi  ko izo nyeshamba zirikunwe.

Umuvugizi wa operasiyo Sokola II Sud Sud Kivu, Kasereka Dieudonne’, yemeza iby’ico gitero, ndetse yongeraho ko babashije kwirukana izo nyeshamba.

Ibitero by’inyeshemba mur’aka karere k’imisozi miremire bikaba bimaze igihe c’imyaka itatu nyamara igisoda c’igihugu kikaba kitarabasha guhasha iyo mitwe yitwaje ibirwanisho maze bongere baheze ituze abaturage ba kariya karere kugirango babashe gusibira mu byabo.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here