MINEMBWE, CONGO – Ababyeyi, abanafunzi ndetse n’abarimu bo ku masomo yisumbuye yo mu Minembwe, Institut Minembwe bakoze ibirori bidasanzwe byo gushima Imana kuba yarafashijye abanafunzi bo mu mwaka wa gatandatu (6ème Année Secondaire) mu kuronka impamya bushobozi (Diplôme d’État).

Muri bano banafunzi bose bakoze kino kizame ca leta, ntanumwe wigeze atsindwa haba mu myanya yombi, (Pédagogie na Sociale). amanota y’aba banafunzi yamenyeshejwe ku minsi 02/08/2018, ku Runundu, ubwo bahamagawe n’umuyobozi w’iki kigo, Perefe Sebatware Felix.
Perefe Rushemeza Sebatware félix, umuyobozi w’iki kigo yatubwiye uburyo aba banafunzi bagiye baronka za diplômes ku manota atandukanye mu myaka ishize:
Mu mwaka wa 2012 hatsinze abanafunzi 28, mu mwaka wa 2013 hatsinze abanafunzi 17, mu mwaka wa 2014 hatsinze abanafunzi 10, mu mwaka wa 2015 hatsinze abanafunzi 44, mu mwaka wa 2016 hatsinze abanafunzi 64, mu mwaka wa 2017 hatsinze abanafunzi 41, uyu mwaka wa 2018 nibwo hatsinze abanafunzi 43 kandi ari nabo bakoze iki kizame ca leta.
Perefe Rushemeza yagarutse kandi ahanini ku migabo n’imigambi ishuri rya Institut Minembwe rifite, maze avuga ko uyu mwaka wa 2018 – 2019, iri shuri rya Minembwe ryiyemeje kurihira abana batatu bagize amanota yambere ku kigo cose.
Yongeye kuvuga ko abarimu bose bo mu kuri kino kigo baremye ishirahamwe ryo kungurana ibitekerezo mu mikorere yabo, “Fondation Institut Minembwe”. FIM igizwe n’abarimu hamwe n’abanafunzi barangirije kuri iki kigo.
Intego y’a FIM ni kugira ngo batangire bateze imbere abanafunzi mu kwitegurira akazoza keza kabo, icyo bise “Education pour tous”, mu rurimi rw’igifaransa, ni murwego rwo gushigikira uburezi kuri bose cane cane abafunzi batatu batishoboye.
Sebatware Félix yarangije asaba bagenzi b’abayobozi b’amashuri kwita k’uburezi bw’abana kuko aruguteguza abayobozi beza b’ejo ha Minembwe.
REBA VIDEO