Inyeshamba za mai mai zikomeje guteza umutekano muke mu Minembwe…

0
104
Ifoto – Google

MINEMBWE, CONGO – Kuminsi 9/11/2017 amakuru atugeze ho avuga yuko inyeshamba za Mai Mai zikomeje kwidegembya mw’ibarabara riva mu Rusuku rija kuri Mugera.

Uyumunsi kw’isaha zibiri za mugitondo kugeza uyu n’ubu izi nyeshamba ziracari mumabarabara. Biravugwa kandi ko Aba basirikare ba Mai Mai bashinze ama bariyeri mumabarabara aho bari guhagarika imodoka z’abagenzi babasaba amafranga.

Bari kwaka aba shoferi, batwara amamodoka (les chauffeurs) amafaranga ibihumbi bitanu by’amakongomani (50,000 Frcs) abandi 10,000 Frcs. Ndetse hari n’abagenzi banyazwe ama téléphone ngendanwa.

Umwe mubahuye nabo munzira yatubwiye uko byari byifashe. Yagize ati:

Uyumunsi twe duhuriye Kichanga ndi kuja mu Kizura, baribarenga 50 kandi bose bari bitwaje imbunda. – Umwe mubahuye na Mai Mai –

Imurenge, turakomeza kubageza ho aya makuru…

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here