BENI, CONGO – Ku minsi 28/12/2017 Ingabo za FARDC zatangaje igitero cagabwe n’inyeshamba za Mai Mai mu karere ka Kasindi Lubiriha, 90 km no mumuji wa Beni, ahegereye ku mupaka w’igihugu ca Uganda.
Nkuko byatangajwe n’umuvugizi w’ingabo za FARDC, Lieutenant Jules Ngongo, yemeje ko abantu batandatu ba FARDC aribo baguye mu gitero cagabwe n’inyeshamba za Mai Mai. Muri abo bantu bapfuye, haravugwa mo n’abana bato bapfuye bari guhunga amasasu
Biranavugwa yuko izi nyeshamba zari zabwiye abasirikare ko zigiye kugaba igitero muri kano karere ariko abasirikare bibwira ko ari iterabwoba gusa.
Nyuma y’iki gitero, inyeshamba za Mai Mai zataye imbunda zo mubwoko bwa AK-47 zirahunga kuko zari zarushijwe imbaraga n’abasirikare ba FARDC.
Kugeza aya masaha, biravugwa ko umutekano wongeye kugaruka muri kano karere ka Kasindi Lubiriha kandi ko abaturage bongeye kuja mumirimo yabo nkuko byari bisanzwe.