Inzara iri muntara ya Kasai irashobora guhitana abana bagera 400,000…

0
141

GRAND KASAI, CONGO – Ishirahamwa UNICEF ryatangaje ko abana barenga miliyoni 2 bari munsi y’imyaka 5 bakomoka muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo aribo bugarijwe n’ingwara ya bwaki muntara ya Kasai.

Nkuko byatangajwe n’ishirahamwe UNICEF, abana bagera 400,000 nibo barembejwe n’inzara ndetse n’indwara ya bwaki muntara ya Kasai. Irishirahamwe ryemeza ko aba bana bashobora gupfa mugihe batabonye impfashanyo ibatabare muri uyu mwaka utaha wa 2018.

Nkuko byatangajwe n’iri ishirahamwe UNICEF, ibi byose bigaragaza akarengane ndetse n’ibikorwa bibi bikomeje bikorerwa muri Congo. UNICEF kandi yongeye gusaba leta ya Congo kugira ico ikoze kuri uru urubyiruko rwugarijwe n’inzara.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here