Irahira ry’umukuru w’igihugu musha wa Congo ryimuwe.

0
161

KINSHASA, CONGO – Umuhango wo kurahira kw’umukuru w’igihugu ntukibaye kuri kano kabiri iminsi 22 nk’uko byari biteganyijwe ahubgo wimuriwe n’akane ku minsi 24

Vidiye Tshimanga, umuvugizi wa Felix Tshikedi yabgiye Jeune Afrique dukesha iyi nkuru ko ubu inzandiko z’ubutumire zohererejwe ibihugu byo mu karere ndetse no kuyindi migabane kuzitabira umuhango w’ihererekanya bubasha hagati y’umukuru w’igihugu musha n’ucuye igihee ziraba ari naryo rya mbere rizaba ribaye kuva Congo ibonye ubuhuru mu 1960,

Felix Tshisekedi niwe watangajwe n’akanama k’igihugu gashinzwe amatora ndetse akaza no kwemezwa n’ururkiko rushinwe kurinda itegeko nshinga ko ariwe watsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku minsi 30 ukwezi  kwa gikamisha 2108, biteganyijeko azimikirwa kuyobora Congo mu gihe c’imyaka 5 kuri kano  kane ku minsi 24 ukwezi kwa mbyeyi 2019, aho azoba agomboye Joseph Kabila wari k’ubutegetsi kuva mu mwaka 2001.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here