Ishirahamwe mpuzamahanga Amnesty mw’itohoza ry’ibikorwa bya Police muri Congo…

0
138

CAPE TOWN, SOUTH AFRICA – Ku minsi 2/12/2017 ishirahamwe mpuzamahanga (Human Rights) rivugira ikiremwa muntu, Amnesty International ryasabye igihugu ca Congo gukora iperereza ku ibikorwa bigayitse bya Police.

Muri uyu mwaka wa 2017, umubare w’abantu batari bake bakoze imyigaragambyo muduce dutandukanye muri Congo. Aba baturage bakomeje gusaba Perezida Joseph Kabila kurekura ubutegetsi.

Ishirahamwe Amnesty rivuga ko muminsi mike ishize umuturage umwe mu abigaragambya yarashwe na police arapfa muntara ya  Butembo, abandi benshi nabo bivugwa yuko bakomerekejwe na police.

Tubibutse ko Perezida Kabila yagiye k’ubutegetsi mumwaka wa 2001, byari biteganyijwe ko arekura ubutegetsi muri uku kwezi kwa 12 turimo k’uyu umwaka wa 2017.

Mugihe abantu benshi bari biteguye amatora y’umukuru w’igihugu, byateganyijwe ko aya amatora yimurwa m’umwaka utaha (December 2018).

Umwe mu abakozi ba Amnesty International, Mobert Senga yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko ibya Congo ari urujijo. Yagize ati:

Tugiye gukurikirana ibi bintu kuko biteye buri wese kwibyibaza ho…Ni kuki abatavuga rumwe na leta badafite ijambo na rimwe? Abantu bemerewe ni abavugira perezida Kabila. Ibi bintu bigomba gutorerwa umuti – Mobert Senga –

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here