KINSHASA, CONGO – Nyuma y’imyaka 12 yaramaze mu buroko, mu rukiko mpanabyaha rwi Lahe, mu gihugu c’ubu Hollande, Jean Pierre Bemba, wahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu (vice-perezida) ca Congo. Mw’ijoro ryakeye ryo kuya 31/07/2018, nibwo yuriye indege yerekeza i Kinshasa, mu murwa mukuru w’igihugu ca Congo; nyuma y’imyaka 12 yose adakandagiza ikirenge mu gihugu ce camubyaye.

Nkuko tubikesha Actualite.cd, indege itwaye Jean Pierre Bemba Gombo, imaze kwitura ku kibuga mpuzamahanga c’indege ca N’djili; hari ku gihe c’isaha 3 za mugitondo.
Mu gihe yari yakatiwe imyaka 18 y’igifungo, ku minsi 8 z’ukwezi kwa gatandatu nibwo urukiko rw’i Lahe rwamuhanaguyeho ibyaha yaregwaga birimo ibyibasiye inyoko muntu byakozwe n’ingabo z’icama za Mouvement pour la Libération du Congo (MLC) yahoze ayobora, ca rwanyaga leta y’ikinshasa hagati y’umwaka wa 1998 na 2001.
Akimara kurekurwa, Bemba yahise atangazako ashaka gukuraho imvugo imenyereweko Congo ari igihugu gikize mu gihe abaturage bayo bihswe n’ubukene.
Bemba ageze mu gihugu ce mu gihe habura amezi 5 gsa ngo abanyecongo batore umukuru w’igihugu uzasimbura Joseph Kabila umaze imyaka 17 ku butegetsi.
Bemba n’umwe mu batsinzwe amatora yo muri 2006, bivugwako yabayemo uburiganya bwinshi.