Kasai-Central yahawe imfashanyo yo gufasha abagendana virusi ya SIDA…

0
154

KASAI-CENTRAL, CONGO – Ku minsi 2/12/2017 muntara ya Kasai-Central batanze imfashanyo yo gufasha abagendana indwara ya SIDA. Kasai-Central biravugwa yuko abagendana iyi ndwara ari 4.7%, nkuko bitangazwa n’ishirahamwe National Multisectoral Program (PNMLS) rirwanya iyi ndwara ya SIDA.

Umuvugizi wa PNMLS, Jean Carret Manshimba yavuze ko aya amafaranga yatanzwe ari uburyo bwiza buzafasha aba bagendana iyi ndwara kugira nga babashe kugura imiti. Yongeye avuga ko hagiye kuzatangwa n’amasomo yo kwirinda iyi indwara.

Twirinde SIDA kandi turinde n’abandi…

Jean Carret Manshimba yagize ati:

Iyi ni indwara mbi cane kandi idasubira inyuma. SIDA ni indwara benshi birengagiza, ariko imaze guhitana benshi kandi hari n’abandi batayizi, ninayo mpamvu tugiye gukora uko dushoboye kugira ngo turwanye iyi ndwara. – Jean Carret Manshimba –

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here