Leta ya Ethiopia yababariye imfungwa 700 ndetse n’infungwa za politike…

1
2

ADDIS ABABA, ETHIOPIA – Igihugu ca Ethiopia giheruka kumenyesha ko kigiye kubabarira imfungwa ndetse zirimo n’iza politike.

Nega wafunzwe mu mwaka wa 2012 nawe yarekuwe mu bantu bababariwe na leta ya Ethiopia. Uyu Nega yari yaraciriwe gufungwa imyaka 18 kuva mu 2012, azira kuba yararenze amategeko ndetse agashaka gukora iterabwoba mu gihugu.

Nega wafunguwe na leta ya Ethiopia…

Leta ya Etiopia kandi yarekuye n’undi munyapolitike, Daniel Shibeshi ubarizwa mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Ethiopia (Unity for Justice and Democracy Party). Daniel Shibeshi nawe biravugwa ko yigeze gufungwaazira kuba yari afite umugambi w’iterabwoba mu gihugu.

Benshi mu bantu barekuwe, bafashwe mu myaka itatu ishize kandi bamwe bazize gukora ibikorwa leta itari yishimiye.

1 COMMENT

  1. Ethiopia m’igihugu ca diplomatie. Gifise ambassadors bose ba Africa na Siege ya Union Africaine. So, biragoye kwihanganira uwuzanye iterabwoba kuko niho gishingiye iterambere ryaco.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here