MASISI, CONGO – Mw’ijoro rya nagatatu buca ari nakane ku minsi 09/05/2018 abantu bane bafite ubwene gihugu c’u Rwanda bafatiwe mukarere ka Rutokono, territoire ya Masisi (Kivu ya ruguru). Nkuko byemezwa n’ibiro bishinzwe igiturire no kurwanya inzira za magendo, aba bantu bafashwe bafite ibiro mirongo irindwi by coltan (70 kilos of Coltan), aya ni amabuye y’agaciro bivugwa ko aba bantu bari bayajanye mu Rwanda.

Nkuko Ngoy Daniel, umuyobozi mukuru wa National Commission against Mining Fraud (CNLFM) abyivugira, aba bantu bakomoka mu Rwanda bari bahishe aya mabuye y’agaciro mu mahuzu bari bambaye. Aya mahuzu byemezwa yuko yagenewe uburyo buhanitse bwo kwiba no kuyobya aya mabuye.
Bivugwa yuko aba basore bane bafunzwe nakazirimwe bazira kwinjira mugihugu ca Congo batabifitiye uburenganzira. Nyuma yaho baje gufungurwa haciye iminsi ibiri, bafunguwe nagatatu ku mugoroba ari nabwo basabwe gusubira mu Rwanda. Nyuma yo gufungurwa basabwa gutaha, nibwo kandi aba basore bafatanwe aya mabuye y’agaciro mu mahuzu bari bambaye.
Biravugwa kandi ko mukwezi kwa cumi na kabiri, iri shirahamwe rishinzwe kurwanya igiturire n’inzira ya magendo ryafashe izindi modoka zitandatu zari zikoreye aya mabuye y’agaciro zerekeye mu Rwanda. Nyuma yo gufata izi modoka, biravugwa ko iperereza ryakozwe ariko nta kintu na kimwe cigeze gitangazwa.
Coltan ni amabuye y’agaciro azwiho gukora ama telephone ndetse n’amasasu.