Matadi: Isoko nkuru ya Mikondo, Mvuzi yatewe n’inyeshamba 20 za Kulunas…

0
143

MATADI, CONGO – Ku minsi 18/05/2018 amakuru atugezeho avuga ku isoko nkuru ya Mvuzi yo muri komine ya Matadi ko yatewe n’abantu mirongo ibiri (20) bitwaje imbunda ejo nijoro. Aba bitwaje imbunda biremezwa yuko ari bamwe mu nyeshamba zizwi ku izina rya “Kulunas”, babarizwa muri iyi district ya Mvuzi, komine ya Matadi.

Muri kino gitero, biravugwa ko bimwe mu bicuruzwa birimo ama telephone ngendanwa byasahuwe n’aba bagabye iki gitero kandi biranavugwa yuko abantu batari bake bakomerekeye muri iki gitero; benshi bakaba bakomerekejwe n’imipanga, batemwe n’aba bagizi ba nabi.

Nkuko byatangajwe n’ibinyamakuru bikorera muri kano karere, baturage ba Mikondo, ahegereye iyi sokoo yatewe, barasaba ingabo za leta guhiga bukware aba bakoze aya mahano kugira ngo bashikirizwe ubutungane kubyo bakoze.

Hari ku gihe c’isaha zibiri n’igice za nijoro, 8:30 PM ubwo abantu bitwaje imbunda bagera kuri mirongo ibiri bateye isoko nkuru ya Mikondo, aba bantu bari bitwaje imbunda, imipanga. Aba bagizi ba nabi basize bangirije ndetse banakomeretsa bamwe mu bacuruzi nyuma yo gusahura no kwiba ibicuruzwa muri iyi soko yatewe. – Umudimu wabyiboneye – 

Nyuma y’iki gitero, inzego zishinzwe umutekano muri kano karere zabwiye abaturago hagiye gukorwa iperereza rikomeye kandi ingabo za leta zigiye guhiga bukware aba bakoze aya mahano kugira ngo bafatwe kandi bashikirizwe ubucamanza.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here