Minembwe: Babiri bahitanwe n’abagizi ba nabi bataramenyekana

1
165

MINEMBWE, SUD KIVU: Inzira y’ubucuruzi yo kwa Mulima-Minembwe, ikaba ari inzira isanzwe ikoreshwa n’abacuruzi mu bikorwa by’ubudandaza. Kur’uyu munsi w’Akabiri, ku minsi 12/05/2020, abantu bashika kuri majana abiri bakaba baguye mu mutego w’abagizi ba nabi maze bahitana umudamu umwe ndetse n’umugabo.

Ku murongo wa telephone, umwe mu barokotse iki gitero yabwiye http://www.imurenge.com  ko ubwo bamanukaga inzira iva mu Minembwe yerekeza kwa Mulima baguye mu gitero  c’abagizi ba nabi, uyu mutangabuhamye yise ko ari abarwanyi ba Mai Mai, maze barirukanka barahunga gusa babiri mur’ibo bakaza kufatwa nabo bajenesi maze bavutswa ubuzima.

Twagerageje kuvugisha ubuyobozi bg’ingabo za FARDC mu Minembwe ntibyadukundiye, gusa amakuru twabashije kumenya nuko igisoda catumye abasoda mw’ishamba rya Mukoko ahakorewe ico gikorwa c’ubugizi bwa nabi gusa raporo ntiraboneka.

Abaguye mur’ico gitero c’abagizi ba nabi akaba ari umudamu umwe wo mu bwoko bw’Abanyamulenge, Nyirakiriayi Oderi, ndetse n’Umugabo w’umushi ngo ni Chiruza François. Ubwo twavuganaga n’uyu mutangabuhamya yatubwiye ko bari munzira bagaruka mu Minembwe bikoreye umurambo w’umwe mur’abo baguye aho.

Ibikorwa byo gutega abaturage mu karere k’imisozi miremire ya Minembwe bikaba bikomeje kugenda byiyongera, hari hatarishira ukwezi abagore bibiri bishwe impfu z’agashinyaguro ndetse n’umugabo umwe aburirwa irengero ubwo bagwaga mu gitero c’abarwanyi ba Mai Mai.

 

1 COMMENT

  1. pole sana kumiryango yabuze babo, no kumuryango mugari !
    Ububuryo bwo kwica urujonojono, nubugome bukomeye, bwabahanga bo gukora Genocide, kuko, ababyumvise bumva aribito cane
    ntibihabwe agaciro, ndetse no mwitangaza makuru ntibivugwe. Ubu buryo bwiswe n’abahanga ko ari cold Genocide , bitandukanye na hot Genocide , aho bica benshi rimwe bigatuma bimenyekana kandi bikavugwa ndetse bikamagarwa!
    Ibi, bikwiye kwamaganwa muburyo byose bushoboka !!!!

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here