GATENGA, CONGO – Kuva ku munsi w’ejo hashize nagatatu, itariki 3/1/2018 haravugwa amakuru y’umutekano muke mumuhana wo mu Gatenga uterwa n’inyeshamba za Mai Mai.
Biravugwa ko izi nyeshamba za Mai Mai zateje umutekano muke aho zavugaga ko zije gukora ipereza k’urupfu rw’umwe mu bacuruzi uherutse kwichwa ejo bundi nakazirimwe ku minsi 1/1/2018, mu Mikenke ahitwa Bukudji araswa n’abantu batabashije kumenyekana n’abantu bataramenyekana.
Biravugwa ko izi nyeshamba za Mai Mai uyu munsi zaje zivuga ko zije gukora ipereza kuri urwo rupfu rw’uwo mucuruzi. Nyuma yo gukora iperereza, izi nyeshamba zerekeje mumuhana wo mu Gatenga hafi y’umuhana w’Abasama zitangira kurasa amasasu atari make, nta muntu n’umwe wakomeretse cange ngo bagire uwobaboha bamuhora urwo rupfu.
Biravugwa kandi ko nyuma yaho izi nyeshamba za Mai Mai zavuye muri uwo muhana, inyeshamba za Gumino nazo zaje zivuga ko zije gukora iperereza kuri urwo rupfu rw’uwo mucuruzi. Izi nyeshamba za Gumino zahamagaye abaturage bo mu Gipupu no mu Mikenke/Bukundji zibasaba kwitandukanya n’umuntu wese witwaje imbunda atabihanguriwe n’amategeko.
Tubibutse ko izinyeshamba zombi, (Gumino na Mai Mai) zitigeze zihurira muri iyo mihana ubwo zakoraga iri perereza. Aba baturage bakaba batewe n’ubwoba bw’uko izi nyeshamba zombi zishobora guhahurira muri iyi mihana zikahagwanira.